Burundi: Amashirahamwe 65 asaba irekurwa ry'abamenyeshamakuru bamaze umwaka mw'ibohero

Abanyamakur
Insiguro y'isanamu,

Abanyamakuru Christine Kamikazi, Agnès Ndirubusa,Térence Mpozenzi na Egide Harerimana

Amashirahamwe 65 harimwo na mpuzamakungu nka Human Right Watch na Amnesty International arasaba irekurwa ry'abamenyeshamakuru bane ba Journal Iwacu uyu munsi bamaze umwaka mw'ibohero.

Agnès Ndirubusa, Christine Kamikazi, Egide Harerimana na Terence bafatiwe muri komine Musigati, babagirije kugerageza gukora icaha bitagishoboka.

Ukuriye ico kimenyeshamakuru asaba "reta mvyeyi" gupfungura abo bana bayo bahejeje "umwaka wose bahorwa ubusa".

Ayo mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu asaba ko barekurwa ata kirinze gusabwa ngo kuko n'ugushaka kubangamira itangazamakuru gusa.

Bari bagiye gukora inkuru ku bagwanyi bari bateye muri komine Musigati mu ntara ya Bubanza, bakaba bagirizwako bari bavuganye n'abo bateye.

Ko ari bane baciriwe urubanza rwo gupfungwa imyaka ibiri n'igice hamwe n'ihadabu ry'amafaranga y'amarundi agera ku muliyoni.

Barunguruje ariko Sentare y'iyungururizo ya Ntahangwa isubira kubahamya icaha inemeza ibihano bari bahawe.

Antoine Kaburahe akuriye Journal Iwacu avuga ko bacitse intege zo kugira ahandi bungururiza, ariko bakemeza ko aba bamenyeshamakuru bapfungiwe ubusa kuko bafashwe bagiye ku kazi kabo.

Mu nyandiko yatangajwe na HRW ivuga iti: "Ugupfungwa kwabo ata ho bishingiye vyibutsa, n'aho habaye impinduka mu butegetsi, ingene reta itihanganira itangazamakuru ryigenga n'uburenganzira bwo gushikiriza ico umuntu yiyumvira."

Basaba reta kwikubita agashi

Umuyobozi w'ikinyamakuru Iwacu, Antoine Kaburahe, avuga ko Agnès Ndirubusa, Christine Kamikazi, Egide Harerimana na Térence Mpozenzi bamerewe nabi cane aho mw'ibohero.

Avuga ati: "Bamerewe nabi, ibohero ubwaryo ntiriryoshe, nka Agnès ni umuvyeyi afise akana gato, inkuru turonka n'uko bose bamerewe nabi."

Kaburahe abandanya asaba reta ko yobarekura.

Ati: "Bavuga ngo ni reta mvyeyi, nta muvyeyi arekera umwana wiwe mw'ibohero ngo abandanye gupfungwa umwaka wose ahorwa ubusa. Turi muri reta mvyeyi imaze amezi atatu gusa, ngira izotinda yikubite agashi."